Yesaya 31:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Kurya kw’inyoni ziguruka, ni ko Yehova nyen’ingabo azorwanira Yeruzalemu+. Azoharwanira, anaharokore koko+. Azohaziguriza, mbere aharokore.” Yesaya 46:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Gushika no mu busaza bwanyu, ndi wa wundi nyene+; kandi gushika mugize imvi ku mutwe, jewe nzoguma ndabashigikiye+. Jewe nzogira ico nkoze koko+, kugira jewe ndabaterure, no kugira jewe ndabashigikire nongere ndabarokore+. 1 Abakorinto 10:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Nta kigeragezo cabashikiye atari igisanzwe gishikira abantu+. Ariko Imana ni inyizigirwa+, ntizobareka ngo mugeragezwe ibirenze ivyo mushobora kwihanganira+, mugabo hamwe na nya kigeragezo, izobacira kandi icanzo+ kugira mushobore kucihanganira.
5 Kurya kw’inyoni ziguruka, ni ko Yehova nyen’ingabo azorwanira Yeruzalemu+. Azoharwanira, anaharokore koko+. Azohaziguriza, mbere aharokore.”
4 Gushika no mu busaza bwanyu, ndi wa wundi nyene+; kandi gushika mugize imvi ku mutwe, jewe nzoguma ndabashigikiye+. Jewe nzogira ico nkoze koko+, kugira jewe ndabaterure, no kugira jewe ndabashigikire nongere ndabarokore+.
13 Nta kigeragezo cabashikiye atari igisanzwe gishikira abantu+. Ariko Imana ni inyizigirwa+, ntizobareka ngo mugeragezwe ibirenze ivyo mushobora kwihanganira+, mugabo hamwe na nya kigeragezo, izobacira kandi icanzo+ kugira mushobore kucihanganira.