Yobu 2:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Ariko amubwira ati: “Na wewe uvuga nk’umwe mu bagore b’imburabwenge+. None twakire ivyiza gusa ku Mana y’ukuri, ntitwakire n’ibibi na vyo+?” Muri ivyo vyose Yobu ntiyacumuye n’iminwa yiwe+. Zaburi 12:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Abavuze ngo: “Ku rurimi rwacu tuzonesha+.Iminwa turafise. Ni nde azoba umutware wo kutuganza?” Imigani 18:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Urupfu n’ubuzima biri mu bubasha bw’ururimi+, kandi uwurukunda azorya ivyamwa vyarwo+. Yakobo 3:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 N’ururimi nyene ni agahimba gatoyi yamara kakiyemera bikomeye+. Raba ingene bisaba akariro gakeyi kugira ngo umuntu adomeke ishamba rinini cane!
10 Ariko amubwira ati: “Na wewe uvuga nk’umwe mu bagore b’imburabwenge+. None twakire ivyiza gusa ku Mana y’ukuri, ntitwakire n’ibibi na vyo+?” Muri ivyo vyose Yobu ntiyacumuye n’iminwa yiwe+.
5 N’ururimi nyene ni agahimba gatoyi yamara kakiyemera bikomeye+. Raba ingene bisaba akariro gakeyi kugira ngo umuntu adomeke ishamba rinini cane!