Zaburi 55:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Ariko wewe, ewe Mana, uzobamanukana mu cobo cimbitse kuruta ibindi+.Nayo abagīrwa n’amaraso kandi b’abahendanyi, ntibazobaho n’ica kabiri c’imisi yabo+.Ariko jewe, nzokwizigira wewe+. Imigani 12:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Umunwa w’ukuri+ ni wo uzoshimangirwa ibihe bidahera+, mugabo ururimi rw’ibinyoma ruzomara gusa akanya gato+. Imigani 15:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Inzu y’abinantaza Yehova azoyisambura+, mugabo azoshinga urubibe rw’umupfakazi+. Imigani 19:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Icabona c’ikinyoma ntikizobura guhanwa+, kandi uwusuka ibinyoma azohwera+.
23 Ariko wewe, ewe Mana, uzobamanukana mu cobo cimbitse kuruta ibindi+.Nayo abagīrwa n’amaraso kandi b’abahendanyi, ntibazobaho n’ica kabiri c’imisi yabo+.Ariko jewe, nzokwizigira wewe+.
19 Umunwa w’ukuri+ ni wo uzoshimangirwa ibihe bidahera+, mugabo ururimi rw’ibinyoma ruzomara gusa akanya gato+.