ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 9:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Vyongeye, amaraso yanyu, ari bwo buzima bwanyu, nzoyishuza. Nzoyishuza mu kuboko kw’ikinyabuzima cose; kandi ubuzima bw’umuntu nzobwishuza mu kuboko kw’umuntu+, mu kuboko kw’umuntu wese ari mwene wabo.

  • Gusubira mu vyagezwe 32:43
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 43 Nezerwe, mwa mahanga, kumwe n’abantu biwe+,

      Kuko azohōra amaraso y’abasavyi biwe+,

      Kandi azokwihora abarwanizi biwe+

      Kandi koko azotangira impongano* ubutaka bw’abantu biwe.”

  • 2 Abami 24:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 no kubera amaraso y’intungane yari yarasheshe, ku buryo yuzuza Yeruzalemu amaraso y’intungane+, maze Yehova ntiyemera kubabarira+.

  • Yesaya 26:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Kuko, ehe Yehova araje avuye ahantu hiwe ngo abaze uwuba mu gihugu ikosa ryiwe, aryishure+; kandi igihugu kizobwirizwa gushira ku kabarore amaraso yahasheshwe+, kandi ntikizosubira gupfuka abishwe baco+.”

  • Luka 11:50
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 50 kugira ngo amaraso y’abahanuzi bose+ yavishijwe kuva kw’ishingwa ry’isi abazwe iri yaruka+,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika