Itanguriro 9:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Vyongeye, amaraso yanyu, ari bwo buzima bwanyu, nzoyishuza. Nzoyishuza mu kuboko kw’ikinyabuzima cose; kandi ubuzima bw’umuntu nzobwishuza mu kuboko kw’umuntu+, mu kuboko kw’umuntu wese ari mwene wabo. Gusubira mu vyagezwe 32:43 Bibiliya y’isi nshasha 43 Nezerwe, mwa mahanga, kumwe n’abantu biwe+,Kuko azohōra amaraso y’abasavyi biwe+,Kandi azokwihora abarwanizi biwe+Kandi koko azotangira impongano* ubutaka bw’abantu biwe.” 2 Abami 24:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 no kubera amaraso y’intungane yari yarasheshe, ku buryo yuzuza Yeruzalemu amaraso y’intungane+, maze Yehova ntiyemera kubabarira+. Yesaya 26:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Kuko, ehe Yehova araje avuye ahantu hiwe ngo abaze uwuba mu gihugu ikosa ryiwe, aryishure+; kandi igihugu kizobwirizwa gushira ku kabarore amaraso yahasheshwe+, kandi ntikizosubira gupfuka abishwe baco+.” Luka 11:50 Bibiliya y’isi nshasha 50 kugira ngo amaraso y’abahanuzi bose+ yavishijwe kuva kw’ishingwa ry’isi abazwe iri yaruka+,
5 Vyongeye, amaraso yanyu, ari bwo buzima bwanyu, nzoyishuza. Nzoyishuza mu kuboko kw’ikinyabuzima cose; kandi ubuzima bw’umuntu nzobwishuza mu kuboko kw’umuntu+, mu kuboko kw’umuntu wese ari mwene wabo.
43 Nezerwe, mwa mahanga, kumwe n’abantu biwe+,Kuko azohōra amaraso y’abasavyi biwe+,Kandi azokwihora abarwanizi biwe+Kandi koko azotangira impongano* ubutaka bw’abantu biwe.”
4 no kubera amaraso y’intungane yari yarasheshe, ku buryo yuzuza Yeruzalemu amaraso y’intungane+, maze Yehova ntiyemera kubabarira+.
21 Kuko, ehe Yehova araje avuye ahantu hiwe ngo abaze uwuba mu gihugu ikosa ryiwe, aryishure+; kandi igihugu kizobwirizwa gushira ku kabarore amaraso yahasheshwe+, kandi ntikizosubira gupfuka abishwe baco+.”