Zaburi 37:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Kuko ababisha bazoyogera+,Abansi ba Yehova na bo bakazomera nk’akaryoshe k’amaragiriro;Bategerezwa guherengetera+. Emwe, bazoherengetera bacike umwotsi+. Hoseya 5:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Kuko nzomerera Efurayimu nk’intambwe y’umukangara+, n’inzu ya Yuda nk’intambwe y’umukangara y’umugāra. Jewe nzobatabagura, ngende nsengēse, kandi nta wuzobarokora+. Mika 1:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Kuko ehe, Yehova arasohotse avuye ahantu hiwe+, kandi azomanuka koko, ahonyange ibibanza bikirurutse* vy’isi+. Matayo 24:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 kuko ico gihe hazoba amakuba akomeye+ atigeze abaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu+, kandi atazokwongera kubaho. 2 Abatesalonika 1:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 mu muriro uyingana, niyihora+ abatazi Imana+ be n’abatagamburukira+ inkuru nziza yerekeye Umukama wacu Yezu+. 2 Petero 3:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Mugabo biciye kuri iryo jambo nyene amajuru+ n’isi+ biriho ubu birundanirijwe umuriro+, kandi bibitswe ku bw’umusi w’urubanza+ n’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana+.
20 Kuko ababisha bazoyogera+,Abansi ba Yehova na bo bakazomera nk’akaryoshe k’amaragiriro;Bategerezwa guherengetera+. Emwe, bazoherengetera bacike umwotsi+.
14 Kuko nzomerera Efurayimu nk’intambwe y’umukangara+, n’inzu ya Yuda nk’intambwe y’umukangara y’umugāra. Jewe nzobatabagura, ngende nsengēse, kandi nta wuzobarokora+.
3 Kuko ehe, Yehova arasohotse avuye ahantu hiwe+, kandi azomanuka koko, ahonyange ibibanza bikirurutse* vy’isi+.
21 kuko ico gihe hazoba amakuba akomeye+ atigeze abaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu+, kandi atazokwongera kubaho.
8 mu muriro uyingana, niyihora+ abatazi Imana+ be n’abatagamburukira+ inkuru nziza yerekeye Umukama wacu Yezu+.
7 Mugabo biciye kuri iryo jambo nyene amajuru+ n’isi+ biriho ubu birundanirijwe umuriro+, kandi bibitswe ku bw’umusi w’urubanza+ n’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana+.