ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 37:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Kuko ababisha bazoyogera+,

      Abansi ba Yehova na bo bakazomera nk’akaryoshe k’amaragiriro;

      Bategerezwa guherengetera+. Emwe, bazoherengetera bacike umwotsi+.

  • Hoseya 5:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Kuko nzomerera Efurayimu nk’intambwe y’umukangara+, n’inzu ya Yuda nk’intambwe y’umukangara y’umugāra. Jewe nzobatabagura, ngende nsengēse, kandi nta wuzobarokora+.

  • Mika 1:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Kuko ehe, Yehova arasohotse avuye ahantu hiwe+, kandi azomanuka koko, ahonyange ibibanza bikirurutse* vy’isi+.

  • Matayo 24:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 kuko ico gihe hazoba amakuba akomeye+ atigeze abaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu+, kandi atazokwongera kubaho.

  • 2 Abatesalonika 1:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 mu muriro uyingana, niyihora+ abatazi Imana+ be n’abatagamburukira+ inkuru nziza yerekeye Umukama wacu Yezu+.

  • 2 Petero 3:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Mugabo biciye kuri iryo jambo nyene amajuru+ n’isi+ biriho ubu birundanirijwe umuriro+, kandi bibitswe ku bw’umusi w’urubanza+ n’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika