ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 32:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  4 Ca Gitandara, igikorwa ciwe ntikigira akanenge+,

      Kuko inzira ziwe zose ari ubutungane+.

      Ni Imana y’ubwizigirwa+, itagira akarenganyo+;

      Ni we agororotse kandi atunganye+.

  • Zaburi 5:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  4 Kuko utari Imana ihimbarwa n’ububisha+;

      Nta mubi yobana nawe akanya na gatoyi+.

  • Zaburi 71:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Ubugororotsi bwawe, ewe Mana, bugereza iyo hejuru+;

      Nayo ku biraba ibikomeye wakoze+,

      Ni nde ga Mana ameze nkawe+?

  • Zaburi 97:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  2 Ibicu n’umuzimagiza w’umuzitanya bikwiye irya n’ino yiwe hose+;

      Ubugororotsi be n’ubutungane ni vyo kibanza gishimangiye c’intebe yiwe y’ubwami+.

  • Zaburi 145:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Yehova ni umugororotsi mu nzira ziwe zose+

      Akaba n’intahemuka mu bikorwa vyiwe vyose+.

  • Imigani 16:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Gukora ububisha ni ikintu giteye ishishi ku bami+, kuko biciye ku bugororotsi ari ho intebe y’ubwami ishimangirwa+.

  • Ivyahishuwe 15:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Kandi bariko baririmba ururirimbo rwa Musa+ wa mushumba w’Imana n’ururirimbo rwa wa Mwagazi w’intama+, bati:

      “Ibikorwa vyawe birakomeye kandi ni agatangaza+, Yehova Mana, Mushoboravyose+. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri+, Mwami w’ibihe bidahera+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika