ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 8:36
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 36 wewe ubwawe uze wumve rero uri mu majuru, maze ubabarire igicumuro c’abasavyi bawe, egome, c’abantu bawe Isirayeli, kuko ubigisha+ inzira nziza bakwiye kugenderamwo+; kandi uze utange imvura+ ku gihugu cawe wahaye abantu bawe ngo kibabere intoranwa.

  • Zaburi 27:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Nyigisha inzira yawe, Yehova we+,

      Unyobore mu munyuro w’ukugororoka, kubera abansi banje.

  • Zaburi 86:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Nyigisha inzira yawe, ewe Yehova+!

      Nzogendera mu kuri kwawe+.

      Egeranya umutima wanje kugira ntinye izina ryawe+.

  • Yesaya 30:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Kandi Yehova azobaha koko umukate w’amarushwa be n’amazi y’agahahazo+; yamara Umwigisha wawe Ahambaye ntazokwongera kwinyegeza, kandi amaso yawe azoba vy’ukuri amaso abona Umwigisha wawe Ahambaye+.

  • Yesaya 54:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Abana bawe bose+ bazoba abigishijwe na Yehova+, kandi amahoro y’abana bawe azoba menshi+.

  • 1 Yohani 2:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Nayo mwebwe, irobanurwa+ mwahawe na we riguma muri mwebwe, kandi ntimukeneye ko hagira uwubigisha+; mugabo nk’uko irobanurwa mwahawe na we ribigisha ku vyerekeye ibintu vyose+, kandi rikaba ari iry’ukuri+ atari ukubesha, kandi nk’uko ryabigishije, nimugume mwunze ubumwe+ na we.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika