ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 6:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Aka ni ko kahise ka Nowa.

      Nowa yari umuntu w’umugororotsi+. Yarerekana ko atagira amahinyu mu bo mu gihe ciwe. Nowa yagendana n’Imana y’ukuri+.

  • Zaburi 81:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Yoo! ese iyo abantu banje banyumviriza+!

      Yoo! ese iyo Isirayeli igendera mu nzira zanje+!

  • Zaburi 119:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 119 Hahiriwe abatagira amahinyu mu nzira yabo+,

      Abagendera mw’itegeko rya Yehova+.

  • Mika 6:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Yaraguhishuriye iciza ico ari co+, ewe muntu yakuwe mw’ivu! None hari ikindi Yehova agusaba atari ugukurikiza ubutungane+ no gukunda ubuntu+ no kugendana n’Imana yawe+ wifashe ruto+?

  • Luka 1:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Bompi bari abagororotsi+ imbere y’Imana, kubera ko bagenda batagirako umugayo+ bisunze amabwirizwa yose+ n’ibisabwa+ n’amategeko vya Yehova+.

  • Ivyakozwe 9:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Maze koko ishengero+, i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya hose, rija mu kiringo c’amahoro, rirubakwa; kandi kubera ko ryagendera mu gutinya Yehova+ no mu ruhoza rw’impwemu nyeranda+, ryaguma rigwira.

  • 1 Abatesalonika 4:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Ubwa nyuma, bene wacu, turabasaba kandi tukabahimiriza biciye ku Mukama Yezu, nk’uko twababwirije ku vy’ukuntu mukwiye kugenda+ no guhimbara Imana, nk’uko mbere muriko muragenda, yuko mwoguma murushiriza rwose kubigira+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika