ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezira 9:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Ewe Yehova Mana ya Isirayeli, uragororotse+, kuko dusigaye turi abantu bacitse kw’icumu, nk’uko biri uyu musi. Ehe turi imbere yawe twagirwa n’icaha+, kuko tudashobora guhagarara imbere yawe kubera ico+.”

  • Nehemiya 9:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 Wewe uragororotse+ mu vyadushikiye vyose, kuko wakoranye ubwizigirwa+, mugabo twebwe ni twe twakoze ivy’ububisha+.

  • Gucura intimba 1:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Yehova aragororotse+, kuko nagararije akanwa kiwe+.

      Nimwumvirize rero, yemwe bisata vy’abantu mwese, murabe umubabaro wanje.

      Abigeme banje b’isugi n’imisore yanje bajanywe kugirwa imbohe+.

  • Daniyeli 9:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ewe Yehova, ufise ubugororotsi, mugabo twebwe dufise ibimaramare ku maso yacu nk’uko biri uyu musi+, twe n’abagabo ba Yuda n’ababa i Yeruzalemu be n’abo muri Isirayeli bose, abari hafi be n’abari kure mu bihugu vyose wabashwiragijemwo kubera ubuhemu bwabo bakugiriye+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika