Yobu 29:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Narambara ubugororotsi, na bwo bukanyambika+.Ubutungane bwanje bwari bumeze nk’umwitero utagira amaboko, mbere nk’igitambara co mu mutwe. Yesaya 61:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Nzokwigina muri Yehova ata kabuza+. Umutima wanje uzonezerwa mu Mana yanje+. Kuko yanyambitse impuzu z’ubukiriro+; yantwikiriye umwitero utagira amaboko w’ubugororotsi+, nk’umukwe yambara icambarwa co mu mutwe+ kumwe kw’abaherezi, kandi nk’umugeni yishariza n’udusharizo twiwe+. Zakariya 3:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Nca mvuga nti: “Nibamushire ku mutwe igitambara gisukuye+.” Nuko bamushira ku mutwe igitambara gisukuye bongera bamwambika impuzu; kandi nya mumarayika wa Yehova yari ahagaze ng’aho.
14 Narambara ubugororotsi, na bwo bukanyambika+.Ubutungane bwanje bwari bumeze nk’umwitero utagira amaboko, mbere nk’igitambara co mu mutwe.
10 Nzokwigina muri Yehova ata kabuza+. Umutima wanje uzonezerwa mu Mana yanje+. Kuko yanyambitse impuzu z’ubukiriro+; yantwikiriye umwitero utagira amaboko w’ubugororotsi+, nk’umukwe yambara icambarwa co mu mutwe+ kumwe kw’abaherezi, kandi nk’umugeni yishariza n’udusharizo twiwe+.
5 Nca mvuga nti: “Nibamushire ku mutwe igitambara gisukuye+.” Nuko bamushira ku mutwe igitambara gisukuye bongera bamwambika impuzu; kandi nya mumarayika wa Yehova yari ahagaze ng’aho.