Itanguriro 20:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Nuko Imana y’ukuri imubwira muri nya ndoto iti: “Na jewe namenye ko ivyo wabigize mu kugororoka kw’umutima wawe+, vyongeye ni jewe kandi nariko ngutangira ngo ntuncumureko+. Ico ni co catumye ntakwemerera kumukorako+. Gusubira mu vyagezwe 17:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Umuntu azogira inyifato y’ukwita imbere mu kutumviriza umuherezi ahagaze ng’aho ngo akorere Yehova Imana yawe, canke mu kutumviriza uwo mucamanza+, uyo muntu azotegerezwa gupfa+; utegerezwa gukura ikibi muri Isirayeli+. 1 Samweli 15:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 kuko ubugarariji+ ari cokimwe n’igicumuro c’ukuragura+, kandi ukwitanganiza wita imbere kukaba cokimwe no gukoresha ububasha bw’ivy’amageza na terafimu*+. Ko wanse ijambo rya Yehova+, na we arakwanse ngo ntubandanye kuba umwami+.” 2 Samweli 6:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Ishavu rya Yehova+ rica rirurumbira Uza maze Imana y’ukuri imugarika+ ng’aho kubera ico gikorwa c’ukudatinya Imana, aca apfira ng’aho hafi y’isandugu y’Imana y’ukuri+. 2 Ngoma 26:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Ariko akimara gukomera, umutima wiwe ugira ubwibone+ gushika n’aho yikwegera akarambaraye+, ku buryo ahemuka kuri Yehova Imana yiwe akinjira mu rusengero rwa Yehova guturira imibavu ku gicaniro c’imibavu+.
6 Nuko Imana y’ukuri imubwira muri nya ndoto iti: “Na jewe namenye ko ivyo wabigize mu kugororoka kw’umutima wawe+, vyongeye ni jewe kandi nariko ngutangira ngo ntuncumureko+. Ico ni co catumye ntakwemerera kumukorako+.
12 Umuntu azogira inyifato y’ukwita imbere mu kutumviriza umuherezi ahagaze ng’aho ngo akorere Yehova Imana yawe, canke mu kutumviriza uwo mucamanza+, uyo muntu azotegerezwa gupfa+; utegerezwa gukura ikibi muri Isirayeli+.
23 kuko ubugarariji+ ari cokimwe n’igicumuro c’ukuragura+, kandi ukwitanganiza wita imbere kukaba cokimwe no gukoresha ububasha bw’ivy’amageza na terafimu*+. Ko wanse ijambo rya Yehova+, na we arakwanse ngo ntubandanye kuba umwami+.”
7 Ishavu rya Yehova+ rica rirurumbira Uza maze Imana y’ukuri imugarika+ ng’aho kubera ico gikorwa c’ukudatinya Imana, aca apfira ng’aho hafi y’isandugu y’Imana y’ukuri+.
16 Ariko akimara gukomera, umutima wiwe ugira ubwibone+ gushika n’aho yikwegera akarambaraye+, ku buryo ahemuka kuri Yehova Imana yiwe akinjira mu rusengero rwa Yehova guturira imibavu ku gicaniro c’imibavu+.