ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 34:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Yehova aca imbere yiwe amenyesha ati: “Yehova, Yehova, Imana y’inyembabazi+ n’inyempuhwe+, iteba gushavura+ kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo+ be n’ukuri+,

  • Zaburi 69:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Nunyishure, Yehova we, kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari agahore+.

      Nk’uko imbabazi zawe ari indiri, nuhindukirire aho ndi+,

  • Yesaya 55:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Nimutege ugutwi+, muze kuri jewe+. Nimwumvirize, mubandanye kubaho+, nanje, n’umutima ukunze, nzogirana namwe isezerano ryamaho igihe kitagira urugero+ ku bijanye n’ubuntu bwuzuye urukundo bwagiriwe Dawidi bwo kwizigirwa+.

  • Yeremiya 33:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 ijwi ry’umwigino n’ijwi ry’umunezero+, ijwi ry’umukwe n’ijwi ry’umugeni, ijwi ry’abavuga bati: “Nimuhaye Yehova nyen’ingabo, kuko Yehova ari mwiza+; kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+!”’

      “‘Bazozana mu nzu ya Yehova ishikanwa ry’ugukenguruka+, kuko nzogarukana abagizwe imbohe b’iki gihugu nko mu ntango+,’ ni ko Yehova avuze.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika