13 Aguma ayisenga, ku buryo Imana yemera ko ayinginga+ maze yumva ugusaba ubutoni kwiwe, imusubiza i Yeruzalemu ku ngoma yiwe+; nuko Manase amenya ko Yehova ari we Mana y’ukuri+.
7 Mu misi y’umubiri wiwe Kristu yashikaniye ugutakamba n’ugusaba+ Umwe yari ashoboye kumukiza urupfu, hariko n’amaborogo akomeye+ be n’amosozi, kandi yarumviwe ku bw’ugutinya Imana kwiwe+.