Imigani 6:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Genda ku kimonyo+, wa kinebwe+; niwihweze inzira zaco uheze ube inkerebutsi. Imigani 13:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Ikinebwe kiripfuza mugabo nta co gifise+. Ariko abanyamwete bazodoheshwa+. Imigani 19:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Ikinebwe kizika ukuboko mu cibo c’inzimano+; ntigishobora no kukugarukana ku munwa waco+.