Gusubira mu vyagezwe 21:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 baheze babwire abagabo b’inararibonye b’igisagara c’iwabo bati: ‘Uyu mwana wacu ni intagondwa akaba n’umugarariji; ntiyumviriza ijwi ryacu+, kandi ni umukunzi w’inda+ akaba n’imborerwa+.’ Imigani 21:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Uwukunda ukuryoherwa azoba mu bukene+; uwukunda umuvinyu n’amavuta ntazoronka ubutunzi+. Umusiguzi 10:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Uzoba uhiriwe, wa gihugu we, igihe umwami wawe ari umwana w’abanyacubahiro, abaganwa bawe na bo bakarya ku gihe kibereye ngo bagire inguvu, atari ku bwo kunywa gusa+. Abagalatiya 5:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 inzigo, ukunywera akaborerwe+, ukwidagadura, n’ibintu nk’ivyo. Ndababuriye kuri ivyo, nk’uko nyene nababuriye, yuko abaza barakora+ mwene ivyo batazotorana ubwami bw’Imana+.
20 baheze babwire abagabo b’inararibonye b’igisagara c’iwabo bati: ‘Uyu mwana wacu ni intagondwa akaba n’umugarariji; ntiyumviriza ijwi ryacu+, kandi ni umukunzi w’inda+ akaba n’imborerwa+.’
17 Uzoba uhiriwe, wa gihugu we, igihe umwami wawe ari umwana w’abanyacubahiro, abaganwa bawe na bo bakarya ku gihe kibereye ngo bagire inguvu, atari ku bwo kunywa gusa+.
21 inzigo, ukunywera akaborerwe+, ukwidagadura, n’ibintu nk’ivyo. Ndababuriye kuri ivyo, nk’uko nyene nababuriye, yuko abaza barakora+ mwene ivyo batazotorana ubwami bw’Imana+.