ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 39:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Shebuja ngo yumve amajambo umugore wiwe amubwiye, ngo: “Umusuku wawe yangiriye ibi n’ibi,” ishavu rica rirarurumba+.

  • Abacamanza 20:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Nuko bene amatongo b’i Gibeya barampagurukira, bakikuza inzu mw’ijoro barantera. Ni jewe biyumvira kwica, mugabo incoreke yanje ni yo bashurashuje ku nguvu+, irateba irapfa+.

  • Abacamanza 20:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Ubu rero nimutange abo bagabo+, abo bagabo b’imburakimazi+ bari i Gibeya+, kugira tubice+, dukure ikibi muri Isirayeli+.” Ariko bene Benyamini ntibashaka kwumviriza ijwi rya bene wabo, bene Isirayeli+.

  • Indirimbo ya Salomo 8:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 “Nunshire ku mutima wawe nk’ikidodo+, nk’ikidodo ku kuboko kwawe; kuko urukundo rukomeye nk’urupfu+, ugushaka kwiheberwa wenyene+ gusa ni nk’ukuzimu mu kutagondeka. Imirurumbo yarwo ni imirurumbo y’umuriro, urubeya rwa Ya*+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika