2 Intoranwa yabo bayihawe biciye ku bupfindo+, nk’uko nyene Yehova yari yarategetse biciye kuri Musa ku vyerekeye ya miryango icenda na ca gice c’umuryango+.
11Ico gihe abaganwa+ b’abantu baba i Yeruzalemu+; mugabo ku bijanye n’abantu basigaye, hapfindwa ubupfindo+ kugira ngo umwe kuri cumicumi azanwe kuba i Yeruzalemu igisagara ceranda+, icenda basigaye na bo babe mu bindi bisagara.