ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 29:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Labani acumva inkuru yerekeye Yakobo umuhungu wa mushikiwe, yiruka kumusanganira+. Maze aramugumbira yongera aramusoma, araheza amuzana mu nzu yiwe+. Nuko atangura kwiganira Labani ivyo bintu vyose.

  • Itanguriro 33:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Nuko Esawu yiruka kumusanganira+, maze atangura kumugumbira+, amugwa kw’izosi aramusoma, baraturikisha bararira.

  • Itanguriro 48:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kandi amaso ya Isirayeli yari asigaye abona ivyijiji kubera ubusaza+. Ntiyashobora kubona. Nuko abazana hafi yiwe, arabasoma yongera arabagumbira+.

  • 2 Abami 4:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Maze avuga ati: “Mu mwaka uza, kuri iki gihe cashinzwe, uzoba uriko ugumbira umuhungu+.” Mugabo nya mugore avuga ati: “Oya databuja, ewe muntu w’Imana y’ukuri! Ntubeshe ku bijanye n’umusukukazi wawe.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika