ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Umusiguzi 12:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Kuko Imana y’ukuri ubwayo izoshira mu rubanza igikorwa c’ubwoko bwose, mu bijanye n’ikintu cose canyegejwe, ngo biboneke ko ari ciza canke kibi+.

  • Matayo 25:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 Maze amahanga yose azokoranirizwa imbere yiwe+; na we azotandukanya+ abantu n’abandi+, nka kurya umwungere atandukanya intama n’impene.

  • Yohani 5:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 bakazivamwo, abakoze ivyiza bakazukira ubuzima+, abagiye barakora ivy’agahomerabunwa bakazukira urubanza+.

  • Ivyakozwe 17:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Kuko yashinze umusi aho izocira urubanza+ isi mu bugororotsi ikoresheje umuntu yashizeho, kandi yarahaye abantu bose ikimenyamenya mu kuba yaramuzuye+ mu bapfuye.”

  • Abaroma 2:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kandi izokwishura umwe wese nk’uko ibikorwa vyiwe biri+:

  • 2 Abakorinto 5:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kuko twese dutegerezwa kugaragarizwa imbere y’intebe y’imanza ya Kristu+, ngo umwe wese aronke ivyo akwiriye ku bw’ibintu yakoreye mu mubiri, nk’uko ivyo yagiye arakora biri, vyaba vyiza canke ivy’agahomerabunwa+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika