ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 62:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 N’ubuntu bwuzuye urukundo ni rwawe, ewe Yehova+,

      Kuko wewe ubwawe wishura umwe wese ibihuye n’igikorwa ciwe+.

  • Umusiguzi 11:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Nezerwa+, musore, mu buto bwawe, kandi umutima wawe ukugirire neza mu misi y’ubusore bwawe, kandi ugendere mu nzira z’umutima wawe no mu vyo amaso yawe abona+. Mugabo umenye ko kubera ivyo vyose Imana y’ukuri izogushira mu rubanza+.

  • Matayo 12:36
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 36 Ndababwiye yuko ijambo ryose ritagira akamaro abantu bavuga, bazoribazwa+ ku Musi w’Urubanza;

  • Luka 12:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Mugabo nta kintu na kimwe cahishijwe bimwe vyitondewe kitazohishurwa, kandi nta cagizwe ibanga kitazomenyekana+.

  • Ivyakozwe 17:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Kuko yashinze umusi aho izocira urubanza+ isi mu bugororotsi ikoresheje umuntu yashizeho, kandi yarahaye abantu bose ikimenyamenya mu kuba yaramuzuye+ mu bapfuye.”

  • 1 Abakorinto 4:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Ku bw’ivyo, ntihagire ico mucira urubanza+ igihe kitaragera, gushika Umukama aje+, umwe azozana ku muco ibintu vy’ibanga vy’umwiza+ akongera agashira ahabona inama zo mu mitima+, ni ho umwe wese azoronka ugushimagizwa kwiwe kuva ku Mana+.

  • 2 Abakorinto 5:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kuko twese dutegerezwa kugaragarizwa imbere y’intebe y’imanza ya Kristu+, ngo umwe wese aronke ivyo akwiriye ku bw’ibintu yakoreye mu mubiri, nk’uko ivyo yagiye arakora biri, vyaba vyiza canke ivy’agahomerabunwa+.

  • 1 Timoteyo 5:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Ibicumuro vy’abantu bamwe biribonekeza icese+, bigashikana ubwo nyene ku rubanza, abandi na bo ibicumuro vyabo na vyo nyene biribonekeza mu nyuma+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika