Umusiguzi 3:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Jewe navuze mu mutima wanje+, nti: “Imana y’ukuri izocira urubanza umugororotsi n’umubisha+, kuko ikintu cose gifise igihe caco n’igikorwa cose ng’aho kikagira igihe caco+.” Umusiguzi 12:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Kuko Imana y’ukuri ubwayo izoshira mu rubanza igikorwa c’ubwoko bwose, mu bijanye n’ikintu cose canyegejwe, ngo biboneke ko ari ciza canke kibi+. Abaroma 2:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Kandi izokwishura umwe wese nk’uko ibikorwa vyiwe biri+: Abaroma 14:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Nuko rero, umwe wese muri twebwe azokwibarizwa n’Imana ivyiwe+. 2 Abakorinto 5:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Kuko twese dutegerezwa kugaragarizwa imbere y’intebe y’imanza ya Kristu+, ngo umwe wese aronke ivyo akwiriye ku bw’ibintu yakoreye mu mubiri, nk’uko ivyo yagiye arakora biri, vyaba vyiza canke ivy’agahomerabunwa+.
17 Jewe navuze mu mutima wanje+, nti: “Imana y’ukuri izocira urubanza umugororotsi n’umubisha+, kuko ikintu cose gifise igihe caco n’igikorwa cose ng’aho kikagira igihe caco+.”
14 Kuko Imana y’ukuri ubwayo izoshira mu rubanza igikorwa c’ubwoko bwose, mu bijanye n’ikintu cose canyegejwe, ngo biboneke ko ari ciza canke kibi+.
10 Kuko twese dutegerezwa kugaragarizwa imbere y’intebe y’imanza ya Kristu+, ngo umwe wese aronke ivyo akwiriye ku bw’ibintu yakoreye mu mubiri, nk’uko ivyo yagiye arakora biri, vyaba vyiza canke ivy’agahomerabunwa+.