ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Umusiguzi 12:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Kuko Imana y’ukuri ubwayo izoshira mu rubanza igikorwa c’ubwoko bwose, mu bijanye n’ikintu cose canyegejwe, ngo biboneke ko ari ciza canke kibi+.

  • Matayo 10:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Ntimubatinye rero; kuko ata catwikiriwe na kimwe kitazotwikururwa, canke icagizwe ibanga na kimwe kitazomenyekana+.

  • Mariko 4:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Kuko ata kintu na kimwe canyegejwe atari ukugira ngo gishirwe ku mugaragaro; nta kintu na kimwe cahishijwe bimwe vyitondewe atari ukugira ngo kije ahabona+.

  • Luka 8:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Kuko ata kintu na kimwe canyegejwe+ kitazokwibonekeza, canke ikintu na kimwe cahishijwe bimwe vyitondewe kitazokwigera kimenyekana, ngo nticigere kija ahabona+.

  • 1 Abakorinto 4:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Ku bw’ivyo, ntihagire ico mucira urubanza+ igihe kitaragera, gushika Umukama aje+, umwe azozana ku muco ibintu vy’ibanga vy’umwiza+ akongera agashira ahabona inama zo mu mitima+, ni ho umwe wese azoronka ugushimagizwa kwiwe kuva ku Mana+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika