ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 32:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Kuko umunara wo kubamwo ubwawo watawe+, uruyogoyogo rw’igisagara rwahebwe; Ofeli+ be n’umunara w’inderetsi ubwavyo vyacitse amatongo y’agahinga, bicika umwigino w’imparage igihe kitagira urugero, uburagiriro bw’amasho;

  • Yeremiya 9:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Yeruzalemu nzoyihindura ibirundo vy’amabuye+, aho imbwebwe zitaha+; ibisagara vya Yuda na vyo nzobihindura igiharabuga, aho ata muntu aba+.

  • Gucura intimba 1:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  4 Inzira za Siyoni ziragandaye, kuko ata n’umwe aza ku musi mukuru+.

      Amarembo yiwe yose bayagize umusaka+; abaherezi biwe baraniha+.

      Abigeme biwe b’isugi bishwe n’intuntu, na we ubwiwe afise umururazi+.

  • Gucura intimba 2:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  9 Amarembo yiwe+ yanyikiye mu kuzimu. Yaranduye yongera aravunagura ibihindizo vyiwe.

      Umwami wiwe n’abaganwa biwe bari mu mahanga+. Nta tegeko rihari+.

      Abahanuzi biwe na bo nyene nta yerekwa baronse rivuye kuri Yehova+.

  • Mika 1:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Kuko uruguma ruri kuri we rudashobora gukira+; kuko rwashitse no kuri Yuda+, icago kigashika kw’irembo ry’abantu banje, kigashika i Yeruzalemu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika