ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 1:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Imana irema ibikoko binini amahero vyo mu kiyaga+ be n’igifise ubuzima cose kigendagenda+, ivyo amazi yatumye bigwirirana nk’uko amoko yavyo ari, be n’ikiremwa c’amababa cose kiguruka nk’uko ubwoko bwaco buri+. Imana ibona ko vyari vyiza.

  • Zaburi 74:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Wewe ubwawe wasebagije ikiyaga n’inkomezi zawe+;

      Wamenaguye imitwe y’ibikoko amahero vyo mu biyaga, mu mazi+.

  • Yesaya 51:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Ikangure, ikangure, ambara inkomezi+, ewe kuboko kwa Yehova+! Ikangure nko mu misi ya kera, nko mu mayaruka yo mu bihe vyahise+. Mbega si wewe wavunaguye Rahabu+, ugacumita ca gikoko amahero co mu kiyaga+?

  • Ezekiyeli 29:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Vuga uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ehe ngira nkurwanye, ewe Farawo, mwami wa Misiri+, wewe gikoko kinini amahero co mu kiyaga+ cigaramiye hagati mu migende yaco ya Nili+, wewe wavuze ngo: ‘Uruzi rwanje Nili ni urw’iwanje, kandi jewe, ni je narwishiriyeho+.’

  • Ezekiyeli 32:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 “Mwana w’umuntu, ririmba akaririmbo k’intimba ku vyerekeye Farawo umwami wa Misiri, umubwire uti: ‘Naho wari nk’intambwe y’umukangara y’umugāra y’amahanga, waranumijwe+.

      “‘Wabaye nka ca gikoko amahero co mu mazi mu biyaga+, kandi wagumye widunya mu nzuzi zawe, uguma utoba amazi n’ibirenge vyawe wongera uhumanya inzuzi zaho.’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika