ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 14:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Nuko amazi aguma agaruka+. Amaherezo apfuka ya mikogote y’intambara na bamwe barwanira ku mafarasi bo mu nteko za gisirikare za Farawo zose, ari na bo bari bagiye mu kiyaga babakurikira+. Habe n’umwe muri bo yasigaye+.

  • Zaburi 136:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Agakunkumurira Farawo n’inteko ziwe za gisirikare mu kiyaga Gitukura+:

      Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;

  • Yesaya 51:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Ikangure, ikangure, ambara inkomezi+, ewe kuboko kwa Yehova+! Ikangure nko mu misi ya kera, nko mu mayaruka yo mu bihe vyahise+. Mbega si wewe wavunaguye Rahabu+, ugacumita ca gikoko amahero co mu kiyaga+?

  • Ezekiyeli 29:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Vuga uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ehe ngira nkurwanye, ewe Farawo, mwami wa Misiri+, wewe gikoko kinini amahero co mu kiyaga+ cigaramiye hagati mu migende yaco ya Nili+, wewe wavuze ngo: ‘Uruzi rwanje Nili ni urw’iwanje, kandi jewe, ni je narwishiriyeho+.’

  • Ezekiyeli 32:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 “Mwana w’umuntu, ririmba akaririmbo k’intimba ku vyerekeye Farawo umwami wa Misiri, umubwire uti: ‘Naho wari nk’intambwe y’umukangara y’umugāra y’amahanga, waranumijwe+.

      “‘Wabaye nka ca gikoko amahero co mu mazi mu biyaga+, kandi wagumye widunya mu nzuzi zawe, uguma utoba amazi n’ibirenge vyawe wongera uhumanya inzuzi zaho.’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika