ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 33:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Yehova aguma abwira Manase n’abantu biwe, mugabo ntibumviriza+.

  • 2 Ngoma 36:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Yehova Imana ya ba sekuruza babo aguma abarungikira imburi biciye ku ntumwa ziwe+, akazirungika incuro n’izindi, kuko yumvira impuhwe abantu biwe+ n’aho aba+.

  • Nehemiya 9:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Naho washinga intahe+ ubagiriza kugira ubagarukane kw’itegeko ryawe+, baritaye imbere+, ntibumviriza amabwirizwa yawe; baracumuye+ ku ngingo z’ubutungane zawe+, izo ngingo iyo umuntu azishikije akaba abaho koko bivuye kuri zo+. Bagumye bakutsa urutugu n’akagagazo+, bakomantaza izosi+, ntibumviriza+.

  • Imigani 28:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Uwica amatwi ngo ntiyumve itegeko+, mbere n’isengesho ryiwe ni ikintu giteye ishishi+.

  • Yeremiya 7:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Ubu rero, ko mwagumye mukora ivyo bikorwa vyose,’ ni ko Yehova avuze, ‘nanje nkaguma mvugana namwe, mvyuka kare nkavuga+, mugabo ntimwumvirize+, kandi nkaguma ndabahamagara, mugabo ntimwitabe+,

  • Amosi 5:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 “‘Mw’irembo baranse uwukangīra+, banka urunuka uwuvuga ibitagira akanenge+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika