ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 23:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Hanyuma umwami ategeka Hilikiya+ umuherezi mukuru, n’abaherezi bo ku rwego rugira kabiri, n’abarinzi b’imiryango+, gusohora mu rusengero rwa Yehova ibikoresho vyose vyakorewe Bayali+, bigakorerwa na ca gikingi ceranda+ n’ingabo zose zo mu majuru+. Maze abituririra inyuma ya Yeruzalemu, ku mikobeko ya Kidironi+, araheza azana umunyota wavyo i Beteli+.

  • 2 Ngoma 34:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Vyongeye, basiturira hasi imbere yiwe ibicaniro+ vya za Bayali+; ibishirwako imibavu+ vyari hejuru arabitema biva kuri ivyo bicaniro; ibikingi vyeranda+ n’ibishusho bibajwe+ be n’ibishushanyo vyo mu cuma gishongeshejwe arabimenagura abigira ifu+, maze ayimijagira ku mva z’abahora babishikanira ibimazi+.

  • Zakariya 13:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 “Kandi kuri uwo musi,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “nzorandura amazina y’ibigirwamana mu gihugu+, kandi ntibizokwongera kwibukwa; abahanuzi+ be n’impwemu y’ubuhumane nzobizimanganya mu gihugu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika