Zaburi 72:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Imisozi nishīre abantu amahoro+,N’imirambi nyene, biciye ku bugororotsi. Zaburi 119:165 Bibiliya y’isi nshasha 165 Abakunda itegeko ryawe bagira amahoro menshi+,Kandi kuri bo nta gitsitaza kihaba+. Yesaya 55:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 “Kuko muzosohokana umunezero+, mwinjizwe mu mahoro+. Imisozi n’imirambi bizogira akamwemwe imbere yanyu n’akamo k’umunezero+, kandi ibiti vy’ishamba vyose bizokoma amashi+. Abaroma 14:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Kuko ubwami bw’Imana+ budasobanura kurya no kunywa+, ahubwo busobanura ubugororotsi+ n’amahoro+ n’akanyamuneza+ hamwe n’impwemu nyeranda.
12 “Kuko muzosohokana umunezero+, mwinjizwe mu mahoro+. Imisozi n’imirambi bizogira akamwemwe imbere yanyu n’akamo k’umunezero+, kandi ibiti vy’ishamba vyose bizokoma amashi+.
17 Kuko ubwami bw’Imana+ budasobanura kurya no kunywa+, ahubwo busobanura ubugororotsi+ n’amahoro+ n’akanyamuneza+ hamwe n’impwemu nyeranda.