Yesaya 54:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Abana bawe bose+ bazoba abigishijwe na Yehova+, kandi amahoro y’abana bawe azoba menshi+. Yesaya 66:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Kuko ibi ari vyo Yehova avuze: “Ehe ngira ndamuhe amahoro ameze nk’uruzi+, n’ubuninahazwa bw’amahanga bumeze nk’uruzi rw’isumo rusegenyuka+, kandi ntimuzobura kwonka+. Muzotwarwa ku kiyunguyungu, babakuyakuyire ku mavi+. Abaroma 15:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Ya Mana itanga icizigiro ibuzuze akanyamuneza kose n’amahoro biciye ku kwemera kwanyu, kugira ngo mugwire mu cizigiro hamwe n’ububasha bw’impwemu nyeranda+.
12 Kuko ibi ari vyo Yehova avuze: “Ehe ngira ndamuhe amahoro ameze nk’uruzi+, n’ubuninahazwa bw’amahanga bumeze nk’uruzi rw’isumo rusegenyuka+, kandi ntimuzobura kwonka+. Muzotwarwa ku kiyunguyungu, babakuyakuyire ku mavi+.
13 Ya Mana itanga icizigiro ibuzuze akanyamuneza kose n’amahoro biciye ku kwemera kwanyu, kugira ngo mugwire mu cizigiro hamwe n’ububasha bw’impwemu nyeranda+.