ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 18:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Ibi ni vyo umwami avuze: ‘Hezekiya ntabahende, kuko adashobora kubarokora mu kuboko kwanje+.

  • 2 Ngoma 32:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 None rero, Hezekiya ntabahende+ canke ngo abahendahende+ gutyo, kandi ntimumwizigire, kuko ata mana y’ihanga na rimwe canke y’ubwami na bumwe yashoboye kurokora abantu bayo mu kuboko kwanje no mu kuboko kwa ba sogokuruza banje. Imana yanyu yoyo ntizogeza kubarokora mu kuboko kwanje+!’”

  • Daniyeli 3:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Ubu rero, nimba mwiteguye kugira ngo nimwumva ijwi ry’inzamba, n’umwironge, n’inanga, n’inanga y’inyabutatu, n’igicurarangisho c’imirya, n’umwironge w’isaho be n’ubwoko bwose bw’ibicurarangisho+, muce mwikubita hasi musenge igishusho nahinguye, ni vyiza. Ariko nimutasenga, ako kanya nyene muca mutererwa mw’itanure ry’umuriro ururumba. Mbega iyo mana yobarokora mu maboko yanje ni iyihe+?”

  • Daniyeli 6:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Ashitse hafi ya nya cobo, arasemerera n’ijwi ry’umubabaro abwira Daniyeli. Umwami atangura kuvuga, abwira Daniyeli ati: “Yewe Daniyeli, musavyi w’Imana nzima, mbega Imana yawe wama ukorera+ yashoboye kugukiza izo ntambwe+?”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika