-
Daniyeli 3:15Bibiliya y’isi nshasha
-
-
15 Ubu rero, nimba mwiteguye kugira ngo nimwumva ijwi ry’inzamba, n’umwironge, n’inanga, n’inanga y’inyabutatu, n’igicurarangisho c’imirya, n’umwironge w’isaho be n’ubwoko bwose bw’ibicurarangisho+, muce mwikubita hasi musenge igishusho nahinguye, ni vyiza. Ariko nimutasenga, ako kanya nyene muca mutererwa mw’itanure ry’umuriro ururumba. Mbega iyo mana yobarokora mu maboko yanje ni iyihe+?”
-