Kuvayo
5 Mu nyuma Musa na Aroni barinjira, babwira Farawo+ bati: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli yavuze: ‘Rekura abantu banje, baje kumpimbariza umusi mukuru mu gahinga+.’” 2 Mugabo Farawo avuga ati: “Yehova ni nde+, ngo ngamburukire ijwi ryiwe ndekure Isirayeli+? Yehova sindamuzi namba+, kandi vyongeye, sindiko ndarekura Isirayeli+.” 3 Ariko babandanya kuvuga bati: “Imana y’Abaheburayo yabonanye natwe+. Turakwinginze uturekure, dushaka kugenda urugendo rw’imisi itatu mu gahinga, dushikanire ikimazi Yehova Imana yacu+; ahandiho yoduteza ikiza canke akadukubita inkota+.” 4 Umwami wa Misiri ababwira ati: “Kubera iki, ga Musa na Aroni, mutesha abantu ibikorwa vyabo+? Genda mwikorere imizigo yanyu+!” 5 Farawo abandanya ati: “Raba! Abanyagihugu ubu ni benshi+, namwe mukabatesha igikorwa cabo co kwikorera imizigo+.”
6 Ubwo nyene, kuri uwo musi, Farawo ategeka abahindagiza abantu ku bikorwa n’abarongozi babo+, ati: 7 “Ntimusubire gutoragura ibikumbi vyo guha abantu ngo babumbe amatafari+ nk’uko vyahora. Ubwabo nibagende bavyitoragurire. 8 Kandi igitigiri gisabwa c’amatafari bahora bakora, muzoguma mubategeka kugikwiza. Ntimubagabanye na gatoyi, kuko bariko baranebwa+. Ni co gituma bariko bikomesha amaruru, ngo ‘Dushaka kugenda, dushaka gushikanira ikimazi Imana yacu+!’ 9 Reka igikorwa kiremere abo bagabo, bagikore, ntibahe amatwi amajambo y’ibinyoma+.”
10 Nuko abahindagiza abantu ku bikorwa+ hamwe n’abarongozi babo barasohoka, babwira abantu bati: “Ibi ni vyo Farawo avuze: ‘Sinkibaha ibikumbi. 11 Ubwanyu nimugende mwironderere ibikumbi ahantu hose mushobora kubisanga, kuko ibikorwa vyanyu bitazogabanywako n’akavunji+.’” 12 Nuko abantu bakwira igihugu cose ca Misiri gutoragura ibishakara bikoreshwa bwa bikumbi. 13 Kandi ababahindagiza ku bikorwa baguma babahutagiza+, ngo “Nimurangize ibikorwa vyanyu, umwe wese igikorwa ciwe ca buri musi, nk’igihe ibikumbi vyari bikiboneka+.” 14 Mu nyuma abarongozi+ bo muri bene Isirayeli, abo abagapita ba Farawo bari bashizeho ngo babahagarikire, barakubiswe+, bano bagapita bakavuga ngo: “Kubera iki mutarangije igikonkwano mwashingiwe mu kubumba amatafari+ nk’uko vyahora, ejo n’uno musi+?”
15 Ku bw’ivyo abarongozi+ bo muri bene Isirayeli barinjira, batangura kuririra Farawo, bati: “Kubera iki ugirira utyo abasavyi bawe? 16 Nta bikumbi abasavyi bawe bahabwa, yamara batubwira ngo: ‘Bumba amatafari!’, kandi raba abasavyi bawe barakubitwa kandi abantu bawe ari bo bari mw’ikosa+.” 17 Mugabo avuga ati: “Muriko muranebwa, muriko muranebwa+! Ni co gituma muriko mwivugisha ngo ‘Dushaka kugenda, dushaka gushikanira ikimazi Yehova+.’ 18 Ubu rero gende, mukore! Naho ata bikumbi muzohabwa, mubwirizwa gutanga igitigiri c’amatafari cashinzwe+.”
19 Maze abarongozi bo muri bene Isirayeli babona yuko bagowe bumvise iryo jambo ngo+: “Ntimugabanye ku matafari yanyu n’akavunji ku yo umwe wese yagerewe ku musi+.” 20 Inyuma y’ivyo, bahura na Musa na Aroni+, bakaba bari bahagaze ng’aho barindiriye guhura na bo bavuye kwa Farawo. 21 Baca bababwira bati: “Yehova abarabe, ace urubanza+, kuko mwatumye tunuka+ imbere ya Farawo n’imbere y’abasavyi biwe, mu gushira inkota mu kuboko kwabo ngo batwice+.” 22 Maze Musa yitura Yehova+, avuga ati: “Yehova, kubera iki wakwegeye ikibi aba bantu+? Wantumiye iki+? 23 Kuko kuva aho ninjiriye imbere ya Farawo kuvuga mw’izina ryawe+, yakoreye ikibi aba bantu+, kandi ntiwarushe urokora abantu bawe+.”