ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yosuwa 21:45
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 45 Nta muhango n’umwe utashitse mu mihango myiza yose Yehova yari yarahaye inzu ya Isirayeli; yose yararangutse+.

  • Yosuwa 23:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 “Raba noneho uyu musi ngiye kujana inzira isi yose ijana+, kandi murazi neza n’imitima yanyu yose n’ubuzima bwanyu bwose yuko ata jambo na rimwe mu majambo meza yose Yehova Imana yanyu yababwiye ritashitse. Yose yararangutse ku bwanyu. Nta jambo na rimwe muri yo ritashitse+.

  • Yesaya 55:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 ni ko n’ijambo ryanje riva mu kanwa kanje rizomera+. Ntirizogaruka kuri jewe hatagize ikivamwo+, mugabo rizokora koko icampimbaye+, kandi ata kabuza rizororanirwa mu co naritumye+.

  • Zakariya 1:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Ariko amajambo yanje n’ingingo nyobozi zanje nategetse abasavyi banje, abahanuzi+, mbega ntivyahambije ba so+?’ Baragarutse rero, bavuga bati: ‘Nk’uko Yehova nyen’ingabo yari yariyumviriye kutugirira+, nk’uko inzira zacu n’ibikorwa vyacu vyari, ni ko yatugiriye+.’”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika