ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yosuwa 23:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 “Raba noneho uyu musi ngiye kujana inzira isi yose ijana+, kandi murazi neza n’imitima yanyu yose n’ubuzima bwanyu bwose yuko ata jambo na rimwe mu majambo meza yose Yehova Imana yanyu yababwiye ritashitse. Yose yararangutse ku bwanyu. Nta jambo na rimwe muri yo ritashitse+.

  • 1 Samweli 15:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Vyongeye, Gahebuza wa Isirayeli+ ntazohemuka+, kandi ntazokwicuza, kuko atari umuntu yakuwe mw’ivu ngo yicuze+.”

  • 1 Abami 8:56
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 56 “Hahezagirwe Yehova+, we yahaye abantu biwe Isirayeli ahantu h’ukuruhukira, akurikije ivyo yasezeranye vyose+. Nta jambo na rimwe ritashitse+, mu muhango mwiza wiwe wose yatanze biciye kuri Musa umusavyi wiwe+.

  • Abaheburayo 6:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 kugira ngo biciye ku bintu bibiri bidahinduka muri vyo bikaba bidashoboka ko Imana ibesha+, twebwe abahungiye muri bwa buhungiro turonke indemesho ikomeye kugira ducakire ca cizigiro+ twashizwe imbere.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika