14 Ibi ni vyo Yehova avuze, Umucunguzi wanyu+, wa Mweranda wa Isirayeli+: “Ku bwanyu nzorungika abantu i Babiloni, manure ibihindizo vy’amabohero+, manure n’Abakaludaya mu meri, bavuze amaruru y’ukwanira+.
6 “Ibi ni vyo Yehova avuze, wa Mwami wa Isirayeli+ n’Umucunguzi wiwe+, Yehova nyen’ingabo: ‘Ndi uwa mbere kandi ndi uwa nyuma+, kandi uretse jewe nta Mana iriho+.