ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 2:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Nayo Yehova, abanigana na we bazotekerwa n’ubwoba+;

      Azobaturagarira ari mw’ijuru+.

      Yehova ubwiwe azocira urubanza impera z’isi+,

      Kugira ngo ahe inkomezi umwami wiwe+,

      Kugira ngo ashire hejuru ihembe ry’uwo yarobanuje amavuta*+.”

  • Zaburi 67:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  4 Imiryango y’amahanga ninezerwe, yihe akamo k’umunezero+,

      Kuko uzocira imanza ibisata vy’abantu mu kugororoka+;

      Nayo imiryango y’amahanga, kw’isi uzoyiyobora. Sela.

  • Zaburi 96:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Imbere ya Yehova. Kuko aje+;

      Kuko aje gucira imanza isi+.

      Azocira imanza ubutaka bwimbuka akoresheje ubugororotsi+,

      N’ibisata vy’abantu akoresheje ubwizigirwa bwiwe+.

  • Yesaya 2:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Kandi azoca imanza koko hagati mu mahanga+, agorore ibintu+ ku bijanye n’ibisata vy’abantu vyinshi+. Kandi inkota zabo bazobwirizwa kuzicuramwo ibirimisho, n’amacumu yabo bayacuremwo imihoro yo gututūra+. Nta hanga rizobangurira inkota irindi hanga, eka ntibazokwongera kwiga kurwana+.

  • Ivyakozwe 17:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Kuko yashinze umusi aho izocira urubanza+ isi mu bugororotsi ikoresheje umuntu yashizeho, kandi yarahaye abantu bose ikimenyamenya mu kuba yaramuzuye+ mu bapfuye.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika