Yesaya 35:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Kandi ng’aho hazoba inzira y’ikirari+, emwe, inzira; izokwitwa Inzira y’Ubweranda+. Uwuhumanye ntazoyicamwo+. Izoba iy’uwugendera muri nya nzira, kandi nta bipfu bizoyiyereramwo. Yesaya 60:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Nayo abantu bawe, bose bazoba abagororotsi+; bazokwigabira igihugu gushika igihe kitagira urugero+, babe umunago nitereye+, igikorwa c’amaboko yanje+, kugira ngo nsharizwe+. Nahumu 1:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 “Ehe ku misozi ibirenge vy’uwuzanye inkuru nziza, uwamamaza amahoro+. Ewe Yuda, himbaza imisi mikuru yawe+. Shitsa indagano zawe+; kuko ata muntu w’imburakimazi azosubira guca muri wewe+. Vy’ukuri azorandurwa wese uko yakabaye+.” Ivyahishuwe 21:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Mugabo ikintu cose kitari ceranda n’umuntu wese aguma akora ibintu bisesemye+ be n’ibinyoma+ ntazogenda acinjiyemwo+; abanditswe mu muzingo w’ubuzima wa wa Mwagazi w’intama ni bo gusa bazocinjiramwo+.
8 Kandi ng’aho hazoba inzira y’ikirari+, emwe, inzira; izokwitwa Inzira y’Ubweranda+. Uwuhumanye ntazoyicamwo+. Izoba iy’uwugendera muri nya nzira, kandi nta bipfu bizoyiyereramwo.
21 Nayo abantu bawe, bose bazoba abagororotsi+; bazokwigabira igihugu gushika igihe kitagira urugero+, babe umunago nitereye+, igikorwa c’amaboko yanje+, kugira ngo nsharizwe+.
15 “Ehe ku misozi ibirenge vy’uwuzanye inkuru nziza, uwamamaza amahoro+. Ewe Yuda, himbaza imisi mikuru yawe+. Shitsa indagano zawe+; kuko ata muntu w’imburakimazi azosubira guca muri wewe+. Vy’ukuri azorandurwa wese uko yakabaye+.”
27 Mugabo ikintu cose kitari ceranda n’umuntu wese aguma akora ibintu bisesemye+ be n’ibinyoma+ ntazogenda acinjiyemwo+; abanditswe mu muzingo w’ubuzima wa wa Mwagazi w’intama ni bo gusa bazocinjiramwo+.