Zaburi 42:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Umutima wanje uranyotewe Imana+, uranyotewe Imana nzima+.Nzoza ryari ngo nseruke imbere y’Imana+? Zaburi 63:1 Bibiliya y’isi nshasha 63 Ewe Mana, uri Imana yanje, nguma nkurondera+.Umutima wanje urakunyotewe vy’ukuri+.Umubiri wanje urabitswe no kugucambirwaMu gihugu cumye kandi kirushe, hatagira amazi+. Amosi 8:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 “‘Ehe imisi iraje,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze: ‘nzorungika ikigoyi mu gihugu, ikigoyi atari ic’umukate, n’inyota atari iy’amazi, ahubwo ikigoyi n’inyota vyo kwumva amajambo ya Yehova+. Matayo 5:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 “Hahiriwe abashonje kandi banyotewe+ ubugororotsi, kuko bazohazwa+. Ivyahishuwe 21:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Araheza ambwira ati: “Birakozwe! Ndi Alufa na Omega, intango n’iherezo+. Uwo wese anyotewe nzomuha kw’isôko ry’amazi y’ubuzima ku buntu+.
63 Ewe Mana, uri Imana yanje, nguma nkurondera+.Umutima wanje urakunyotewe vy’ukuri+.Umubiri wanje urabitswe no kugucambirwaMu gihugu cumye kandi kirushe, hatagira amazi+.
11 “‘Ehe imisi iraje,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze: ‘nzorungika ikigoyi mu gihugu, ikigoyi atari ic’umukate, n’inyota atari iy’amazi, ahubwo ikigoyi n’inyota vyo kwumva amajambo ya Yehova+.
6 Araheza ambwira ati: “Birakozwe! Ndi Alufa na Omega, intango n’iherezo+. Uwo wese anyotewe nzomuha kw’isôko ry’amazi y’ubuzima ku buntu+.