ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 32:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Batangura kuyiteresha ishari+ imana z’ahandi+;

      Baguma bayibabarisha ibintu biteye ishishi+.

  • 2 Abami 17:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 kandi babandanya gucisha abahungu babo n’abakobwa babo mu muriro+ no kuragura+ no kurondera ibimenyetso bitara ibizoba+, kandi baguma bigurisha+ kugira ngo bakore ivyari bibi mu maso ya Yehova, ngo bamubabaze+.

  • 2 Abami 22:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 kubera ko bampevye bakaja gufumbishiriza umwotsi w’ibimazi izindi mana+ kugira ngo bambabarishe igikorwa cose c’amaboko yabo+, kandi ubushangashirwe bwanje burarurumbiye aha hantu, ntibuzozima+.’”’

  • Yeremiya 32:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Kandi Abakaludaya bariko barwanya iki gisagara bazokwinjira bagiturize umuriro+, bagitongore be n’amazu bahora bafumbishiriza ku bisenge vyayo umwotsi w’ibimazi, bawufumbishirije Bayali bakongera bakahasukira izindi mana amashikanwa y’ikinyobwa kugira bambabaze+.’

  • Yeremiya 32:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 “‘Kuko bene Isirayeli na bene Yuda bakoze gusa ivyari bibi mu maso yanje, kuva mu buto bwabo+; kuko bene Isirayeli bariko bambabarisha igikorwa c’amaboko yabo+,’ ni ko Yehova avuze.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika