Imigani 19:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Imigambi yo mu mutima w’umuntu ni myinshi+, mugabo impanuro ya Yehova ni yo izorama+. Imigani 21:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 Nta bukerebutsi, nta gutahura, nta mpanuro, mu kurwanya Yehova+. Yesaya 19:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Abaganwa ba Zowani+ ni ibipfu koko. Nayo inkerebutsi zo mu bajanama ba Farawo, impanuro yabo ni ikintu kitagiramwo ubwenge+. Mbega muzobwira gute Farawo ngo: “Ndi umwana w’abantu b’inkerebutsi, umwana w’abami bo mu gihe ca kera”? 1 Abakorinto 3:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Kandi ngo: “Yehova arazi yuko ivyiyumviro vy’inkerebutsi ata co bimaze+.”
11 Abaganwa ba Zowani+ ni ibipfu koko. Nayo inkerebutsi zo mu bajanama ba Farawo, impanuro yabo ni ikintu kitagiramwo ubwenge+. Mbega muzobwira gute Farawo ngo: “Ndi umwana w’abantu b’inkerebutsi, umwana w’abami bo mu gihe ca kera”?