ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 8:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 “Abantu bawe Isirayeli nibatsindwa imbere y’umwansi+, kubera yuko bazoba bagumye bagucumurako+, hanyuma bakagaruka koko kuri wewe+, bagahaya izina ryawe+, bagasenga+ kandi bagasaba ubutoni berekeje kuri wewe muri iyi nzu+,

  • Yeremiya 7:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: “Inzira zanyu n’ibikorwa vyanyu mubigire vyiza, nanje nzobareka mugume muba aha hantu+.

  • Ezekiyeli 18:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 “‘Nayo umubisha, niyahindukira akava mu bicumuro vyiwe vyose yakoze+, akagumya koko ivyagezwe vyanje vyose, agashitsa ubutungane n’ubugororotsi+, ntazobura kubandanya kubaho. Ntazopfa+.

  • Ezekiyeli 33:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Babwire uti: ‘“Ndahiye ukubaho kwanje,” ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “simpimbarwa n’uko umubisha apfa+, ahubwo mpimbarwa n’uko umubisha ahindukira+ akava mu nzira yiwe, akabandanya vy’ukuri kubaho+. Nimuhindukire, nimuhindukire muve mu nzira zanyu mbi+; kubera iki none mwokwirirwa murapfa ga yewe nzu ya Isirayeli+?”’

  • Yona 3:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Maze abantu b’i Ninewe batangura kwizera Imana+; nuko batangaza ukwisonzesha bongera bambara amagunira*+, kuva ku wuhambaye kuruta abandi muri bo gushika ku mutoyi muri bo.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika