ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Imigani 1:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Hindukira wemere igikangiro canje+. Maze nzotuma impwemu yanje idudubiza kuri mwebwe+; nzobamenyesha amajambo yanje+.

  • Yesaya 55:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Umubisha nahebe inzira yiwe+, n’umuntu agira nabi ahebe ivyiyumviro vyiwe+; nagaruke kuri Yehova, uwuzomugirira imbabazi+, ku Mana yacu, kuko izobabarira cane+.

  • Yeremiya 3:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 “Garuke, yemwe bahungu b’ibihemu+. Nzokiza ubuhemu bwanyu+.”

      “Turi hano! Tuje kuri wewe, kuko wewe, ewe Yehova, uri Imana yacu+.

  • Yeremiya 25:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 uko bavuga bati: ‘Enda nimuhindukire, umwe wese muri mwebwe ave mu nzira yiwe mbi no mu bubi bw’ibikorwa vyiwe+, maze mubandanye kuba ku butaka Yehova yabahaye mwe na ba sogokuruza banyu kuva kera gushika igihe kirekire kizoza+.

  • Ezekiyeli 14:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 “Bwira rero inzu ya Isirayeli uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Nimugaruke, muhindukire muve ku bigirwamana vyanyu vy’umwanda+, muhindukize amaso yanyu muyakure ku bintu vyanyu vyose biteye ishishi+;

  • Hoseya 14:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 “Ewe Isirayeli, garuka kuri Yehova Imana yawe+, kuko watsitaye mw’ikosa ryawe+.

  • Ivyakozwe 3:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 “Nimwigaye+ rero, muhindukire+ kugira ngo ibicumuro vyanyu bihanagurwe+, ngo ibiringo vy’ukuruhurirwa+ bibone kuza bivuye imbere ya Yehova

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika