Abalewi 26:33 Bibiliya y’isi nshasha 33 Namwe nzobasanzaza mu mahanga+, kandi nzosokora inkota mu rwubati inyuma yanyu+. Igihugu canyu kizotegerezwa gucika umusaka+, ibisagara vyanyu na vyo bicike ibihomvagurike. Yeremiya 19:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Kandi iki gisagara nzokigira akajoreza be n’ikintu co kuvugiriza agahwa+. Umuntu wese azoca iruhande yaco azogitamarira ajongorotse yongere avuze agahwa kubera ivyago vyaco vyose+. Yeremiya 49:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 “Kuko nirahiye jewe ubwanje+,” ni ko Yehova avuze, “yuko Bozira+ ata kindi izocika atari akajoreza+, iceyi, agatikizo, n’umuvumo; kandi ibisagara vyayo vyose bizocika ibibanza vyatikijwe gushika igihe kitagira urugero+.” Ezekiyeli 6:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Kandi nzobaramvurirako ukuboko kwanje+, igihugu ndakigire igiharabuga, emwe, ndakigire umusaka kurusha agahinga k’amaja i Dibula, mu bibanza vyose babamwo. Kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova.’”
33 Namwe nzobasanzaza mu mahanga+, kandi nzosokora inkota mu rwubati inyuma yanyu+. Igihugu canyu kizotegerezwa gucika umusaka+, ibisagara vyanyu na vyo bicike ibihomvagurike.
8 Kandi iki gisagara nzokigira akajoreza be n’ikintu co kuvugiriza agahwa+. Umuntu wese azoca iruhande yaco azogitamarira ajongorotse yongere avuze agahwa kubera ivyago vyaco vyose+.
13 “Kuko nirahiye jewe ubwanje+,” ni ko Yehova avuze, “yuko Bozira+ ata kindi izocika atari akajoreza+, iceyi, agatikizo, n’umuvumo; kandi ibisagara vyayo vyose bizocika ibibanza vyatikijwe gushika igihe kitagira urugero+.”
14 Kandi nzobaramvurirako ukuboko kwanje+, igihugu ndakigire igiharabuga, emwe, ndakigire umusaka kurusha agahinga k’amaja i Dibula, mu bibanza vyose babamwo. Kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova.’”