2 Ngoma 36:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Mugabo baguma bashinyagurira+ izo ntumwa z’Imana y’ukuri, basuzugura amajambo yayo+ bongera batwenga+ abahanuzi bayo, gushika ubushangashirwe+ bwa Yehova buje ku bantu biwe, gushika aho gukira bitaba bigishoboka+. Zaburi 2:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Uzobamenaguza agakoni k’ubutware k’icuma+;Nka kurya kw’icombo c’umubumvyi, uzobasavya+.” Yesaya 30:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Kandi ruzomenagurwa nk’igihe bamenagura umubindi munini w’ababumvyi+, uwo bajanjagura ata wuwuziguriza, ku buryo mu tuvunji twawo tujanjaguwe ata wushobora gusangamwo urujo rwo kurahuza umuriro mu ziko canke rwo kuyoza amazi ahantu h’urushanga+.” Gucura intimba 4:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Nayo abahungu b’agaciro ba Siyoni+, abari baringaniye n’inzahabu ityoroye,Ewe kuntu bafashwe nk’imibindi mininiminini y’imibumbano, igikorwa c’amaboko y’umubumvyi+! Ivyahishuwe 2:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 nk’uko nanje nabuhawe na Data, kandi azoragiza abantu inkoni y’icuma+ ku buryo bazomenagurwa nk’ivyombo vy’ibumba+,
16 Mugabo baguma bashinyagurira+ izo ntumwa z’Imana y’ukuri, basuzugura amajambo yayo+ bongera batwenga+ abahanuzi bayo, gushika ubushangashirwe+ bwa Yehova buje ku bantu biwe, gushika aho gukira bitaba bigishoboka+.
14 Kandi ruzomenagurwa nk’igihe bamenagura umubindi munini w’ababumvyi+, uwo bajanjagura ata wuwuziguriza, ku buryo mu tuvunji twawo tujanjaguwe ata wushobora gusangamwo urujo rwo kurahuza umuriro mu ziko canke rwo kuyoza amazi ahantu h’urushanga+.”
2 Nayo abahungu b’agaciro ba Siyoni+, abari baringaniye n’inzahabu ityoroye,Ewe kuntu bafashwe nk’imibindi mininiminini y’imibumbano, igikorwa c’amaboko y’umubumvyi+!
27 nk’uko nanje nabuhawe na Data, kandi azoragiza abantu inkoni y’icuma+ ku buryo bazomenagurwa nk’ivyombo vy’ibumba+,