Yesaya 30:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Kandi ruzomenagurwa nk’igihe bamenagura umubindi munini w’ababumvyi+, uwo bajanjagura ata wuwuziguriza, ku buryo mu tuvunji twawo tujanjaguwe ata wushobora gusangamwo urujo rwo kurahuza umuriro mu ziko canke rwo kuyoza amazi ahantu h’urushanga+.” Yeremiya 19:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Maze ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Ukwo ni ko nzosavya aba bantu n’iki gisagara, nk’uko umuntu asavya icombo c’umubumvyi ku buryo kidashobora kwongera gusanasanwa+; kandi bazohamba i Tofeti+ gushika aho hadasigara ahantu ho guhamba+.”’ Yeremiya 22:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 Mbega uyu mugabo Koniya+ ni ikibumbano gisuzuguritse, gisabijwe+, canke icombo kidahimbaye+? Kubera iki we n’uruvyaro rwiwe boraririzwa hasi, bagatererwa mu gihugu batamenye+?’ Gucura intimba 5:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Abaganwa ubwabo bamanikiwe ku kuboko kwabo+. Mu maso h’abatama ntihatewe iteka+.
14 Kandi ruzomenagurwa nk’igihe bamenagura umubindi munini w’ababumvyi+, uwo bajanjagura ata wuwuziguriza, ku buryo mu tuvunji twawo tujanjaguwe ata wushobora gusangamwo urujo rwo kurahuza umuriro mu ziko canke rwo kuyoza amazi ahantu h’urushanga+.”
11 Maze ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Ukwo ni ko nzosavya aba bantu n’iki gisagara, nk’uko umuntu asavya icombo c’umubumvyi ku buryo kidashobora kwongera gusanasanwa+; kandi bazohamba i Tofeti+ gushika aho hadasigara ahantu ho guhamba+.”’
28 Mbega uyu mugabo Koniya+ ni ikibumbano gisuzuguritse, gisabijwe+, canke icombo kidahimbaye+? Kubera iki we n’uruvyaro rwiwe boraririzwa hasi, bagatererwa mu gihugu batamenye+?’