34 Vyongeye, Farawo Neko yimika Eliyakimu+ mwene Yosiya ngo abe umwami mu kibanza ca Yosiya se wiwe, maze ahindura izina ryiwe riba Yehoyakimu; nuko afata Yehowahazi amujana mu Misiri, ari na ho yahavuye apfira+.
3 Ryongera kumuzako mu misi ya Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami wa Yuda, gushika umwaka ugira cumi na rimwe wa Zedekiya+ mwene Yosiya, umwami wa Yuda, urangiye, gushika Yeruzalemu igiye mu bunyagano mu kwezi kugira gatanu+.
25Ijambo ryaje kuri Yeremiya ku bijanye n’abantu bose bo muri Yuda mu mwaka ugira kane wa Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami wa Yuda, ari wo mwaka wa mbere wa Nebukadirezari umwami wa Babiloni,