14 Nya rubibe ruracibwa; rwarakevya ku ruhande rwo mu burengero rwerekeza mu bumanuko uhereye ku musozi urabana na Beti-horoni mu bumanuko; rwagarukira i Kiriyati-bayali, ni ukuvuga Kiriyati-yeyarimu+, igisagara ca bene Yuda. Urwo ni rwo ruhande rwo mu burengero.
2 Nuko kuva ku musi iyo Sandugu yatangura kuba i Kiriyati-yeyarimu, imisi iguma igwira, ku buryo iba imyaka mirongo ibiri, kandi inzu ya Isirayeli yose icurira intimba Yehova+.