15 Gutyo atwara Yehoyakini+ mu bunyagano i Babiloni+; nyina w’umwami+, n’abagore b’umwami, n’abakozi biwe bo ku kirimba+, n’abantu bakurubakuru bo muri ico gihugu, abatwara i Babiloni ari inyagano, abakuye i Yeruzalemu.
10 Mu ntango z’umwaka+, Umwami Nebukadinezari atuma abasuku biwe+ maze bamuzana i Babiloni+ hamwe n’ibintu bihimbaye vyo mu nzu ya Yehova+. Vyongeye, yimika Zedekiya+ mwene wabo na se, ngo abe umwami wa Yuda na Yeruzalemu+.