10 Mu ntango z’umwaka+, Umwami Nebukadinezari atuma abasuku biwe+ maze bamuzana i Babiloni+ hamwe n’ibintu bihimbaye vyo mu nzu ya Yehova+. Vyongeye, yimika Zedekiya+ mwene wabo na se, ngo abe umwami wa Yuda na Yeruzalemu+.
6 yari yarajanywe mu bunyagano+ akuwe i Yeruzalemu ari kumwe n’abambukanywe bajanywe mu bunyagano kumwe na Yekoniya+ umwami wa Yuda, uwo Nebukadinezari+ umwami wa Babiloni yatwaye mu bunyagano.
25 Nzogutanga mu kuboko kw’abarondera ubuzima bwawe+, no mu kuboko kw’abo utinya, no mu kuboko kwa Nebukadirezari umwami wa Babiloni, no mu kuboko kw’Abakaludaya+.