2 Igisimbo kimwe carimwo insukoni nziza cane, nk’insukoni za kare+; ikindi gisimbo na co carimwo insukoni mbi cane, ku buryo zitashobora kuribwa kubera ububi bwazo.
8 “‘Kandi nk’izo nsukoni mbi zidashobora kuribwa kubera ububi bwazo+, ibi ni vyo mu vy’ukuri Yehova avuze: “Ukwo ni ko nzotanga Zedekiya+ umwami wa Yuda n’abaganwa biwe n’amasigarira ya Yeruzalemu asigaye muri iki gihugu+ n’ababa mu gihugu ca Misiri+—